Jump to content

Australiya

Kuva Wikipedia
Ibendera ya Australiya
Australiya

Ostaraliya (Australie) ni igihugu kimwe co mu gice c'ubumanuko gifata igice kinini c'umugabane wa Oseyanie (Océanie). Uretse kuba ari ibahari, Australie irafise ibahari ya Tasmanie ndetse n'izindi bahari ziyegukira hamwe n'inyanja nka Austral, Pacifique na Indien. Ico gihugu kirafise ibirometero kwadarato 6 000 000 ku gice ca Antarctique. Ibihugu bihana urubibe na ostorariya twovuga nka Indoneziya, Timor yo mu buseruko, papouasie-Nouvelle-Guinée mu buraruko, amazinga ya Salomon, Vanuatu, Nouvelle Calédonie, Nouvelle Zélande n'ama zinga ya Kerguelen.


Igihugu ca Australiya

[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]

Mu myaka yakurikiye, igikoloni uko zari zitandukanye zaciye ziharira ingene zoba igihugu kimwe. Mu 1901, amakoloni yose yaciye yiyunga agira igihugu kimwe bise Commonwealth of Australia. Muri ico gihe, abantu ba Australiya bangana imiliyoni 4. Iki gitigiri ntiharimwo Benagataka baho.

Intara n’ibice vyisunga intara vya Australiya

[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]

Ico bita Commonwealth ni intara n’ibice vy’intara vyiyunze. Hari intara zitandatu n’ibice vy’intara bikuru bibiri. Canberra ni umurwa mukuru w’igihugu, intara yose n’igice gikukira intara ifise umurwa mukuru wayo nyene.

Intara Umurwa mukuru
New South Wales (NSW) Sydney
Victoria (Vic.) Melbourne
Queensland (Qld) Brisbane
Western Australia (WA) Perth
South Australia (SA) Adelaide
Tasmania (Tas.) Hobart
Ibice vyisunga intara Umurwa mukuru
Australian Capital Territory (ACT) Canberra
Northern Territory (NT) Darwin
Canberra niwo kandi murwa mukuru wa Australiya
Anzac Cova (Turukiya)

Umusi wa Anzac uhimbazwa igenekerezo rya 25 ry’ukwezi kwa Ndamukiza buri mwaka. Uwo musi wa Anzac wahawe iryo zina inyuma yaho intwaramiheto za Australiya na New Zealand zashika Gallipoli muri Turukiya mugihe c’intambara y’isi yose yambere kw’igenekerezo rya 25 z’ukwezi kwa Ndamukiza 1915.

Umusi wahariwe Anzac n’umusi twibuka ukwitanga kwa Abanya australiya bakoreye igihugu n’abandi baguye k’urugamba, tukibuka n’ingwano zabaye hamwe n’ibikorwa vyo kubungabunga amahoro. Dushimagiza kandi ukwitanga n’ubukerebutsi bw’abashingantahe n’abapfasoni ba Australiya.